Ikibazo c'amatara cakuje umukuru muri Africa y'Epfo

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Africa y'Epfo igize igihe biyigora kuronka umuyagankuba ukenewe mu gihugu cose

Umuyobozi w'ikigo gitanga umuyagankuba muri Africa y'Epfo yatanze imihoho inyuma y'aho hari abasavye ko akurwa kubera bivugwa ko yoba yaraba intambamyi mu bikorwa vy'ico kigo.

Eskom yabitangaje irangije kuvugana na Zola Tsotsi kw'urwandiko rwo kumukuirako icizere. Totsi mu minsi yaravuzwe cane mu binyamakuru igihe yahagarika abategetsi bane bakuru muri iryo shirahamwe kubera ingorane zaguma zibonekeza muri ico kigo.

Afgrica y'Epfo yaragize ikibazo c'umuyagankuba muri aya mezi aheze, ingorane zatumye Eskom inegurwa cane.

Hariko haraba amatohoza muri Eskom yo kumenya igituma ico kigo kidatanga umuyagankuba(amashanyarazi) ukwiye hamwe n'izindi ngorane z'ubutunzi.

Ingingp kuri abo bayobozi bahagaritswe izofatwa aruko amatohoza arangiye, nk'uko Eskom yabimenyesheje.

Abahinga mu butunzi bavuga ko hamwe izo ngorane z'umuyagankuba zitotora inyishu vuba, zogira ingaruka ku migambi y'iterambere y'ubutunzi bwa Africa y'epfpo