Obama yahamagaye Kabila ku kibazo c'amatora muri Congo

Joseph Kabila Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Hari amakenga ko Jospeh Kabila ashaka kuguma ku butegetsi inyuma

Umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika Barack Obama yavuganye na prezida wa Republika iharanira Demokrasi ya Congo Joseph Kabila ashimika ku kibazo c'amatora yisanzuye , agenze neza kandi abereye ku gihe.

Ivyo vyamenyeshejwe mw'itagazo ry'ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika, Maison Blanche.

Congo yimirije amatora mu 2016 kandi ashobora kubamwo impari mu gihe abatavuga rumwe na leta bagiriza prezida Kabila kugerageza kuguma ku butegetsi.

Ibwirizwa nshingiro ry'ico gihugu ntirimwemerera kwitoza ku kiringo kigira gatatu.

Itangazo rya Maison Blanche ku rubuga rwa internet rivuga ko Barack Obama yasavye ko hokwubahirizwa ibwirizwa nshingiro rya Congo n'uburengenzira bw'abanyagihugu baco.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu akunze gushikiriza amakenga afise ku co yita gupfunya uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro muri Congo mu gihe hategekanijwe amatora y'umukuru w'igihugu mu 2016.

Abantu nibura 24 barishwe mu kwezi kwa mbere igihe abajejwe umutekano barasa ku bari mu myiyerekano biyamiriza integuyro y'itegeko rigenga amatora ryari kwongera ikiringo c'umukuru w'igihugu ku butegetsi.

Imigenderanire hagati ya Amerika na Congo yari imaze igihe ihagaze neza , ariko mu kwezi guheze abajejwe umutekano muri Congo barafashe barafunga umwe mu bahagarariye Amerika yari mu nama leta ya Congo yagirije ko yarimwo abariko barategura umugumuko hakoreshejwe ibigwanisho.

Ibiro vy'uwuhagarariye Amerika muri Congo vyavuze ko abaharanira demokrasi mu mahoro ari bo bonyene bitavye iyo nama.