IS yinjiye mw'ikambi y'impunzi i Damas

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption ONU ivuga ko iyo kambi ya Yarmouk irimwo abantu 18.000

Abagwanyi bo mu muhari wiyita leta ya ki Islam (IS) binjiye mw'ikambi y'impunzi z'abanye Palestina ya Yarmouk ku murwa mukuru Damas, bivugwa n'abagwanya ubutegetsi bwa Syria n'abategetsi b'abanye Palestina.

Imishamirano yaciye yaduka hagati y'abagwanyi ba IS n'imigwi imbere mw'ikambi , IS ikaba yaciye ifata igice kini c'iyo kambi , nk'uko amakuru abivuga.

ONU ivuga ko iyo kambin irimwo impunzi z'abanye Palestina 18.000.

Abagwanyi ba IS bamaze gufata uturere tutari duke mu buseruko bwa Syria no mu buraruko n'uburengero bwa Iraq.

Ababa muri Yarmouk babwiye BBC igisata c'icarabu ko abo mu mugwi Aknaf Beit al-Maqdis, umugwi w'abanye Palestina bafise ibigwanisho batemera leta ya Syria,bari imbere mu kurwanya abo muri IS, hamwe na bamwe mu bo mu mugwi Syrian Army.

Unrwa,ishirahamwe rya ONU rifashe impunzi z'abanye Palestina, ryavuze mw'itangazo ko iyo ntambara izotuma aba civils bo muri iyo kambi ya Yarmouk babangamirwa ''mbere bashobora no gupfa, gukomereka bikomeye, guhahamuka no kuva aho bari basanzwe''.

ONU isaba ko iyo ntambara yohagarara abakozi bayo bagasubira kuronka uburyo bwo gufasha aba civils bo muri Yarmouk.