Mbeki aragirizwa gukoresha abashikirimanza mu kurwanya Zuma

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Thabo Mbeko na Jacob Zuma bari kumwe mu buhungiro ariko bahavuye baba abakeba muri politike

Uwahoze ari umukuru wa Africa y'Epfo Thabo Mbeki yarakoresheje abashikirizamanza b'igihugu nk'igikoresho ca politike ku wari icegera ciwe Jacob Zuma nk'uko vyerekanwa n'inyandiko zo muri sentare.

Urwego rw'ubushikirizamanza rwashikirije izo nyandiko kugira rubuze abariko baragerageza gusubira kwagiriza ivyaha vy'ibiturire prezida Zuma.

Ivyo birego vyerekaye ama miliyoni y'ama dollars vyahebwe mu buryo buteye impari buca haba amatora yo mu 2009.

Zuma, ahakana ivyaha aregwa, yaciye atsinda ayo matora.

Ubwo rero yari atsinze Mbeko urubanza rukomeye rwo kugenzura umugambwe uri ku butegetsi, Africa National Congress ANC.

Mbeki yagumye ahakana ko atigeze yivanga mu rubanza rw'uwari umukeba wiwe.

Ico gihe ivyo vyaha vyahebwa, uwari uumuyobozi mfatakibanza w'urwego rw'ubushikirizamanza Mokotedi Mpshe yaciye avuga ko hari ''ivyemeza bikwiye vy'ukurindera kugirira nabi Zuma mu buryo bwa politike'' ariko nta do n'ido yatanze.