Yemen: Imirwano irakoze ku cyambu cya Aden

Imirwano muri Yemen
Image caption Imirwano ku cyambu cya Aden

Ku kivuko gikomeye ca Aden muri Yemen, kivurwamwo intambara zikomeye zitari bwaboneke kuva abarwanira Abd Rabbu Mansour Hadi, yahunze uwo muji bariko batana mu mitwe n' umuirwi w'aba Houthis n'ababashigikiye.

Hari amakuru avuga ko abasirikare benshi bagiye kuri ico kivuko guhanvya abari mu rugamba.

Abasirikare ba Arabia Saoudite bariko barwanya umurwi w'aba Houthis bakoresheje ibitero vy'indege, barahakana ko abo boba ari abasirikare babo canke abandi bafatanije.

Ku rubibe Yemen ihana na Arabia Saoudite aho aba Houthis bashize icicaro cabo, biravugw ako hari umw emu majejw egucungera urubibe ku ruhande rwa Arabia Saoudite yishwe, abandi benshi bagakomeretswa n'amasasu yaturutse muri Yemen.