Lubitz yarihutishije indege kumanuka

Andreas Lubitz Uwufise ububasha kw’isanamu Getty

Ivyatowe mu gasandugu ka kabiri gafata ibijanye n'urugendo rwa ya ndege ya Germanwings yakorokeye mu musozi ya Alpes vyerekana ko uwafasha umudereva yihutishije n'ibigirankana umumanuko w'indege, nk'uko bivugwa n'abakora amatohza b'abafaransa.

Bavuga ko Andreas Lubitz yahinduye kenshi uburyo bw'ingene indege yitwara yonyene kugira yongereze umuvuduko wo kumanuka.

Ivyo basanzemwo vyemeza kandi ivyari vyatowe mbere ko Lubitz yakoroye iyo ndege n'ibigirankana.

Abantu barimwo nta n'umwe yarokotse.

Iyo ndege yari yahagurutse iva Barcelone ija Duesseldorf ku wa 24 ukwezi kwa gatatu.

Ivyari vyatowe imbere vyari vyatumye kwibaza ko Lubitz yugaraniye umudereva inyuma y'icumba co gutwariramwo indege.

Ku wa kane abashikirizamanza b'abadagi bavuze ko uwo yafasha umupilote yari yari yaragize kuri internet ubushakashatsi bw'uburyo bwo kwiyahura n'ingene imyango y'aho batwarira indege ikora indwi imwe imbere y'uko iryo bara rigwa.

Germawings yanavuze kandi ko itari izi ko Lubitz w'imyaka yari yarigeze kurwara akabonge igihe yari akiriko irigira ivy'ugutwara indege.