Bangladesh: Yemerewe kuburana ari hanze

Khaleda Zia Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Khaleda Zia

Urukiko rushinzwe kuburanisha imanza za ruswa muri Bangladesh rwemereye umuyobozi w'ishyaka ritavuga rumwe n'ubutegetsi, Khaleda Zia ko aburana ari hanze.

Uyu mutegarugore araregwa kunyuruza amafranga y'imiryango idakorera inyungu igihe yari umushikiranganji wa mbere.

Khaleda Zia ariko avuga ko ibyo ari ibirego bishingiye ku nyungu za politike.

Mu kwezi kwa 2 hasohowe inyandiko yo kumufata kuko atitabye urukiko.

Bibaye ubwa mbere yitaba urukiko kuva aho aviriye ku mabanga ye y'umushikiranganji wa mbere, akagerageza no guhamagaza imyigaragambyo yo kwamagana leta mu gihe bibukaga umwaka umwe habaye amatora.