Kenya yagavye ibitero vy'indege muri Somalia

Igisirikare ca Kenya cateye hakurya y'urubibe muri Somalia Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Igisirikare ca Kenya cateye hakurya y'urubibe muri Somalia

Indege z'igisirikare ca Kenya zagavye ibitero hakurya y'urubibe muri Somalia, nyuma y'igitero kuri kaminuza i Garissa cahitanye abantu hafi 150.

Umuvugizi w'igisirikare yabwiye BBC ko inkambi zibiri za Al Shabaab zasambuye mu ntara ya Gedo muri Somalia.

Umukuru w'igihugu wa Kenya, Uhuru Kenyatta, yari yagabishije ko hazoba inkurikizi zikomeye nyuma y'igitero co kuri kaminuza.

Ba buramatari hamwe n'abashingamateka bo mu buraruko bushira ubuseruko hamwe n'akarere ka Garissa, basavye ko inkambi z'impunzi zicumbikiye ibihumbi amajana vy'impunzi zugarwa.

Babariye abanyamakuru mu kiganiro i Nairobi, ko izo nkambi zikoreshwa nk'ibibanza bitangirwamwo imyimenyerezo y'abakora iterabwoba hamwe no gutunganya ibikorwa nk'ivyo.