Umuholandi yari abohewe muri Mali yarekuwe

Abasirikare b'Ubufaransa babohoje umugabo w'Umuholandi
Image caption Abasirikare b'Ubufaransa babohoje umugabo w'Umuholandi

Abasirikare kabuhariwe b'Ubufaransa babohoje umugabo w'Umuholandi yari yaranyururijwe muri Mali haciye imyaka itatu n'igice.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi i Paris bwavuze ko Sjaak Rijke yatabawe mu gikorwa ca gisirikare cabereye mu buraruko bwa Mali.

Muri ico gikorwa, abarwanyi benshi bafashwe.

Nta makuru ariho y'abandi bantu babiri banyururijwe hamwe na bwana Rijke mu gihe c'igitero cagabwe n'abarwanyi kw'ihoteri i Timbuktu mu 2011.

Bwana Rijke vyibazwa ko yari afiswe n'abarwanyi ba Al Qaeda.