Abanyarwanda "ntibemerewe" kuja ku rwibutso mu Bubirigi

Abanyarwanda bagerageje kuja ku rwibutso rwa jenoside mu Bubirigi, bazibiwe n'igipolisi Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abanyarwanda bagerageje kuja ku rwibutso rwa jenoside mu Bubirigi, bazibiwe n'igipolisi

Leta y'Ububirigi nticemerera Abanyarwanda kuja ku rwibutso rwa jenoside mu muji wa Bruxelles, hagati y'amatariki ya 6 na 30 z'ukwezi kwa kane.

Imvo nyamukuru ngo ni uko Abanyarwanda baja kuri urwo rwibutso batumvikana ku matariki bagirayo, kandi ugasanga batabona kumwe insiguro yarwo.

Hari Abanyarwanda baba bashaka kuja kuri urwo rwibutso itariki zitandatu z'ukwa kane, itariki indege yarimwo uwahoze atwara u Rwanda, Juvenal Habyarimana, yaraswa mu 1994.

Hari n'abandi baba bashaka kujayo itariki indwi z'ukwa kane, itariki leta y'u Rwanda yemera ko ariyo yatanguriyeko jenoside mu 1994.

Abanyarwanda bagerageje kuja kuri urwo rwibutso uno munsi, bavuga ko baje kwibuka Abanyarwanda bishwe hagati y'imyaka ya 1990 na 1994, bahagaritswe n'igipolisi c'Ububirigi.