Hatashwe urwibutso rwa jenoside mu Bufaransa

Urwibutso rwa jenoside yo mu Rwanda rwubatswe i Paris mu Bufaransa
Image caption Urwibutso rwa jenoside yo mu Rwanda rwubatswe i Paris mu Bufaransa

Mu muji wa Paris mu Bufaransa, hatashwe urwibutso rwa jenoside yo mu Rwanda mu gihe uno munsi yibukwa ku nshuro igira 21.

Urwo rwibutso rwubatswe mw'itongo ry'abapfuye rya Pierre La Chaise mu muji wa Paris, risanzwe rishingurwamwo abarwaniye Ubufaransa hirya no hino kw'isi.

Urwo rwibutso ruriko inyandiko zo mugifaransa, uhinduye mu kirundi canke ikinyarwanda zigira ziti: "Mu 1994 mu Rwanda, ibihumbi amajana vy'Abatutsi bahitanywe na jenoside. Iri buye rigenewe kubibuka."

Image caption Ingori z'amashurwe zashizwe ku rwibutso mu muhango wo kurutaha ubwa mbere

Rwubatswe n'ubutegetsi bwa Mairie ya Paris, bukaba bwari bwaserukiwe mu muhango wo gutaha icese iki kibanza.

Hari hitavye kandi uwuserukiye u Rwanda mu Bufaransa, Ambassadeur Jacques Kabare, hamwe n'ishirahamwe IBUKA riharanira inyungu z'abacitse kw'icumu rya jenoside.

Hari kandi hitavye n'abandi batumire batandukanye barimwo n'urwaruka rw'Abayahudi.