Urugendo muri Kenya rwo kwibika abishwe na Al Shabaab

Muri Kenya babandanya kwunamira abanyeshure bishwe na Al Shabaab Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Muri Kenya babandanya kwunamira abanyeshure bishwe na Al Shabaab

Hirya no hino muri Kenya habaye ingendo ku munsi wa nyuma wo kwunamira abantu 148 bishwe na Al Shabaab mu gitero kuri kaminuza i Garissa.

Abantu barenga ibihumbi bibiri barimwo n'abarongoye amadini bagiye mu rugendo rwabereye i Garissa.

Ku murwa mukuru Nairobi, abanyeshure bari mu majana y'abantu basaba ko hongerezwa umutekano.

Bamwe basavye inkoho, bakavuga ko biteguriye kwikingira mu gihe leta itobikora.

Vyitezwe ko haba umuhango wo kwibuka mu muji wa Nairobi mu masaha yo kumugoroba.