Ubufaransa bugiye gushira ahabona impapuro z'ibanga ku Rwanda

Impapuro zizoshirwa ahabona zirimwo impanuro zahabwa uwari atwaye Ubufaransa, Francois Mitterrand Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Impapuro zizoshirwa ahabona zirimwo impanuro zahabwa uwari atwaye Ubufaransa, Francois Mitterrand

Ubufaransa buvuga ko bugiye gushira ahabona impapuri z'ibanga zo mu biro vy'umuku w'igihugu, zerekeye igihe ca jenoside yo mu Rwanda mu 1994.

Izo mpapuro zirimwo impanuro za politike na gisirikare zahabwa umukuru w'Ubufaransa w'ico gihe, Francois Mitterrand.

Ibi bitangajwe mu gihe mu Rwanda hibukwa jenoside ku nshuro ya 21, yahitanye abantu bashika ibihumbi amajana umunani bagizwe ahanini n'Abatutsi.

Umukuru w'igihugu w'u Rwanda, Paul Kagame, yaragirije kenshi Ubufaransa kuba bwaragize uruhara muri ubwo bwicanyi.