Ishure rya mbere mu Sierra Leone ryasubiye kwugurura

Muri Sierra Leone amashure azosubira gukora mu ndwi iza Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Muri Sierra Leone amashure azosubira gukora mu ndwi iza

Kaminuza yigenga yo muri Sierra Leone, yabaye ishure rya mbere ryasubiye kwugurura muri Sierra Leone, kuva aho amashure yose yugariwe mu mwaka uheze kubera Ebola.

Kaminuza ya Makeni ivuga ko umwanya w'inyigisho wose watakajwe mu mwaka uheze, uzogaruzwa.

Amashure vyitezwe ko asubira kwugurura mu ndwi iza.

Ibiharuro bitangwa n'ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, vyerekana ko abandura indwara ya ebola muri Sierra Leone bagabanutse gusha kuri mirongo ibiri na batanu ku ndwi.

Mu mwaka uheze abandura iyo ndwara ku ndwi bashika amajana atanu.