Ubufaransa bwiyamirije igitero ku vyuma vya TV5

Iyi ni isanamu yakuwe kuri facebook ya TV5 Monde igaragaza abagavye ico gitero co kuri internet Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Iyi ni isanamu yakuwe kuri facebook ya TV5 Monde igaragaza abagavye ico gitero co kuri internet

Leta y'Ubufaransa yiyamirije igitero kuri computer z'igitangazamakuru TV5 Monde, catewe n'abakozi b'ikibi bo kuri internet bavuga ko bakorana na Islamic State.

Ico gitero cahungabanije urubuga internet rw'ico gitangazamakuru hamwe n'imihora ya television yaco cumi n'umwe.

Umushikiranganji wa mbere, Manuel Valls, yiyamirije ico yise igitero kidashobora kwihanganirwa ku bwigenge bwo gushikira no gushikiriza amakuru.

Aho yagendera ibiro bikuru vy'ico gitangazamakuru, umushikiranganji w'intwaro yo hagati, Bernard Cazeneuve, yavuze ko leta iriko irakora ibishoboka vyose kugira bakumire ikindi gitero c'abo yise abakozi biterabwoba biyemeje gukora ikibi.

Umuyobozi wa TV5 Monde yavuze ko ico gitero co kuri internet cari gikomeye cane.