Umucamanza n'umushingwamanza mu barasiwe i Milan

Sentare y'i Milan mu Butariyano, aharasiwe abantu barimwo umucamanza n'umushingwamanza Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Sentare y'i Milan mu Butariyano, aharasiwe abantu barimwo umucamanza n'umushingwamanza

Umucamanza hamwe n'umushingwamanza bari mu bantu barasiwe imbere y'ingoro y'ubutungane mu muji wa Milan mu Butariyano.

Abajejwe intwaro bavuga ko uwagavye ico gitero yari umuntu yaregwa mu rubanza rw'amagendo hamwe n'igihombo.

Yarashe abantu babiri imbere muri sentare, mu nyuma aca arasa n'umucamanza yasanze mu biro vyiwe.

Umuntu agira kane bivugwa ko yahitanywe n'uburwayi bw'umutima.

Uwo mugaba yafatiwe mu buraruko bwa Milan ariko arahunga kw'ipikipiki.

Ntibizwi ingene yashoboye kwinjira muri sentare afise ikirwanisho, mu gihe abinjira bose babanza guca mu cuma kigenzura ko ata ibintu vy'ivyuma bitwaje.