Imfashanyo kuri Somalia irageramiwe kubera Kenya

Kenya yahagaritse ibigo vyo kurungika amafaranga mu kugerageza gukumira Al Shabaab Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Kenya yahagaritse ibigo vyo kurungika amafaranga mu kugerageza gukumira Al Shabaab

Amashirahamwe mpuzamakungu y'abagiraneza agabisha ko agire ahagarike ibikorwa vyayo muri Somalia kiretse Kenya ihagaritse ingingo yo kwugara ibigo vyo kurungika amafaranga.

Kenya yahagaritse ibikorwa vy'ibigo birungika amafaranga nyuma y'igitero ca Al Shabaab kuri kaminuza ya Garissa.

Urwandiko rwasohowe n'amashirahamwe y'abagiraneza cumi n'atanu ruvuga ko akoresha ivyo bigo mu kurungika imfashanyo y'amahera muri Somalia, kuriha imishahara hamwe n'amazu akoreramwo.

Ayo mashirahamwe kandi avuga ko guhagarika ibigo bicishwamwo amafaranga bizobangamira kurusha abanye Somalia bakenye, bazeye uburamuko ku mahera barungikirwa bakayakuramwo ivyo kurya, amahera y'ishure hamwe no kwivuza.

Kenya yugaye ivyo bigo mu kugerageza kubuza ko Al Shabaab iterwa inkunga y'amafaranga, mu gihe ininjiza mu girikare cayo abantu bava muri Somalia hamwe n'ahandi.