Amerika na Cuba mu mateka

Prezida Obama na Raul Castro babaye abakuru b'ibihugu ba mbere ba Amerika na Cuba bahuye mu myaka 50 Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Prezida Obama na Raul Castro babaye abakuru b'ibihugu ba mbere ba Amerika na Cuba bahuye mu myaka 50

Abakuru b'ibihugu vya leta zunze ubumwe za Amerika na Cuba baganiriye ubwa mbere imbona nkubone mu myaka mirongo itanu.

Prezida Obama na mugenzi wiwe wa Cuba, Raul Castro, bahuye amaso mu yandi mu mpande z'inama y'ibihugu vy'imigabane ya Amerika ibera i Panama.

Uwo mubonano wugururiye inzira imigenderanire isanzwe hagati y'ibihugu vyompi nyuma y'imyaka myinshi birabana ribi.

Prezida Obama yavuze ko ashaka kubona abanye Cuba batera imbere bakabaho mu bwisanzure n'umutekano.

Nayo Prezida Castro yavuze ko Cuba ishaka ubugenzi na leta zunze ubumwe za Amerika, ariko avuga ko ibihugu vyompi bifise ubudasa bwinshi hamwe n'amateka agoye.