HCR ngo ihangayikishijwe n'icuka kiri mu Burundi

Pierre Nkurunziza ntiyari yatangaza niba azimamaza mu matora ataha. Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Perezida Pierre Nkurunziza ntiyari yatangaza niba azitoza mu matora ari imbere.

Ishami rya ONU rijejwe impunzi HCR rimenyesha ko ritewe umwitwarariko n' icuka kirangwa mu Burundi muri kino gihe c'imbere y'amatora.

HCR ngo itewe ubwoba kandi n'ibitigiri vy'abarundi bahunga igihugu binjira mu Rwanda bikomeza kwiyongera; abahunga bakavuga ko batinya intambara ishobora kwaduka.

Impari zihagaze ku kibazo c'uko Perezida Pierre Nkurunziza ashobora kwitoza kuyobora igihugu ubugira gatatu mu matora yo mu kwezi kwa gatandatu, cateye uruhagarara muri politike.

Abahunga bakomeje kwinjira mu gihugu kibanyi c' Urwanda kuva hagati mu kwezi kwa gatatu, ariko muri ino minsi ho bakomeje kwiyongera cane.

Bamwe mu bahunze bava cane mu ntara ya Kirundo bavuga ko bahunga ibitero vy' imbonerakure, ishami ry'urwaruka ry'umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD.

Ubutegetsi ariko buvuga ata kibazo c'umutekano gihari catuma bahunga igihugu.

Umunyamabanga mukuru w'imbonerakure - Paul Ndimubandi - yabwiye BBC ko abavuga ko imbonerakure zaba zarahawe ibirwanisho ari ikinyoma.

Yagize ati: "Nta muntu n'umwe mu mbonerakure urimo guhabwa ibirwanisho kuko nta kamaro nta n'inyungu tubibonamo. Abo bantu bavuga ko bafise ibirwanisho nibafatwe hanyuma barebe koko niba ari imbonerakure. Nibasanga arizo zihanwe n'amategeko igihugu kigenderaho."