Abaguye mu ndege ya Germanwings basezewe

Uwufise ububasha kw’isanamu epa
Image caption Utumuri 150 duhuye n'igitigiri c'abari mu ndege ya Germanwings twakijwe kw'arutari

Ico gikorwa co kubasezera cabereye mu muji wa Cologne mu Budagi, citabwe n'abantu bagera ku 1400 basanzwe bahasengera.

Harimwo kandi umukuru wa leta y'Ubudagi Angela Merkel, perezida Joachim Gauck, hamwe n'abaserukira leta y'Ubufaransa n'iya Espagne.

Ingazi zija kuri arutari zariko utumuri twera 150, twakirijwe umwe wese mu bantu 150 bari muri iyo ndege.//

Muri utwo tumuri 150, harimwo n'aka Andreas Lubitz, bikekwa ko yahuye iyo ndege n'ibigirankana.

Iyo ndege yari yahagurutse iva Barcelone ija Duesseldorf, yaguye mu misozi ya Alps ihitana abari bayirimwo.

Abenshi mu bayiguyemwo, ibisigarira vyabo ntibiramenyekana