Benshi bahitanywe n'igitero muri Afghanistan

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igitero catumbereye abakozi ba reta n'abasirikare bari barindiriye gufata imishahara

Abantu nibura 33 bishwe abandi ijana barakomereka mu gitero c'umwihevyi mu buseruko bw'igisagara ca Jalalabad muri Afghanistan.

Ico kibombe caturikiye hanze y'ibanki aho abakozi ba reta n'abasirikare bariko barafata imishahara yabo.

Umuvugizi w'umugwi uvuga ko userukira umuhari wiyita reta ya ki Islam IS muri Afghanistan wavuze ko ariwo wagavye ico gitero,n'ubwo BBC idashobora guhinyuza ivyo uvuga.

Umunyamakuru wa BBC i Kabul Shahzeb Jillani avuga ko arico gitero ca mbere kini cane muri Jalalabad mu mezi atari make.

Bivugwa ko mu bishwe harimwo n'abana.

Prezida Ashraf Ghani yavuze ko ari igikorwa c'iterabwoba c'ikibi kibishe.