Muri Australia hatekurujwe igitero c'iterabwoba

Melbourne Uwufise ububasha kw’isanamu epa
Image caption Igipolisi casatse ahantu henshi muri Melbourne mu gitondo co ku wa gatandatu

Igipolisi muri Australia kivuga ko catekuruje igitero c'iterabwoba casa n'icateguwe mu buryo bw'umurwi wiyita reta ya ki Islam IS cari kugabwa ahazobera ibirori vyo kwibuka imyaka ijana iheze habaye intambara ya mbere y'isi.

Igipolisi cafashe abahungu b'imiyabaga batanu bakekwa, umwe w'imyaka 18 kikaba camwagirije kuba yari ma bagize inama yo gukora igitero c'iterabwoba.

Abo bantu bari bateguye gutera abapolisi bocungereye ibirori bizobera ku cibutso ca Anzac i Melbourne ku ndwi iza, nk'uko igipolisi kibivuga.

Hafi abapolisi 200 nibo bagize uruhara muri ico gikorwa co kurwanya iterabwoba muri ico gisagara kuri uyu wa gatandatu.

Ministre wa mbere wa Australia Tony Abbot yahamagariye abantu kuzokwitaba ibirori kuri ico cibutso uko vyari bisanzwe bitegekanijwe.

Gusaka vyabandanije mu bibanza bitari bike mu bumanuko bushira ubuseruko bw'igisagara ku wa gatandatu.

Australian Prime Minister Tony Abbott urged people to turn up to memorial events as planned.