Hafashwe abarenga 300 mu bitero ku banyamahanga muri Africa y'Epfo

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Jacob Zuma yemeye ko ikibazo c'ugutoteza abanyamahanga kigiye kurangira

Abantu barenga 300 bafashwe n'igipolisi muri Africa y'Epfo inyuma y'ibitero bishasha ku banyamahanga.

Ministre ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu muri Africa y'Epfo avuga ko abantu baranga 300 bafashwe ku ruhara bashobora kuba baragize mu bitero ku banyamahanga bava mu bindi bihugu vya Africa.

Malusi Gigaba yavuze ko leta izohana abo bose bazokwagirwa n'icaha hakoreshejwe ububasha bwose bw'amategeko.

Nibura abantu 6 barishwe muri izi ndwi zibiri ziheze n'imigwi y'abantu batumbera ama mangazini afiswe n'abimukira b'Abanyafrica babagiriza gutwara uubuzi abanya Africa y'Epfo.

Ku wa gatandatu prezida Jacob Zuma yarasibije urugendo yari kugira muri Indonezia aca aja kugendera ikambi y'abateshejwe izabo kubera iyo ntureka.

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Ama butike afiswe n'abanyamahanga yarasubiye gusahurwa kandi arononwa

Mw'ijoro ryo ku wa gatanu rishira uwa gatandatu, imigwi mito mito y'abantu yarateye ama butike mu turere twinshi mu gisagara ca Johannesburg, igisagara ca mbere kinini mu rudandazwa muri ico gihugu.

Igipolisi cararashe amasasu ya kaoutchouc kugira gishwiragize abariko barasahura muri Alexandra, quartier iri mu buraruko bw'igisagara.

Abantu nibura 6 baramaze kwicwa mu bitero bitumbera amanyamahanga mu gisagara ca Durban kiri mu buseruko, ubu iyo ntureka ikaba yatandukiye ibindi bice vy'igihugu.

Abanyamahanga ibihumbi baramaze guhunga ingo zabo ubu bakaba bari mu makambi y'imfatakibanza, Zimbabwe, Malawi na Mozamique bikaba bimaze kumenyesha imigambi yo gutahukana abanyagihugu bavyo.

Hagati aho igipolisi casavye abantun kwirinda kurungika ku mbuga hwaniro za internet ubutumwa badatohoje neza ku bitero ku banyamahanga kuko butera ubwoba.

Prezida Jacob Zuma yasibije urugendo yari kugira muri Indonesia kubera ico kibazo co gukorera ikibi abanyamahanga.

Kuri uyu wa gatandatu yagendeye ikambi Chatsworth i Durban irimwo abakozi b'abimukira barenga igihumbi bahunze kuva aho abanyamahanga batanguriye guhigwa. Yasavye imbabazi ku vyo bakorewe ariko yahawe akaruru na bamwe mu bari muri iyo kambi bamwagirije ko yakweze ibirenge mu kugira ico akoze.

Ugutoteza abanyamahanga bava na cane cane mu bindi bihugu vya Africa vyatanguye inyuma y'aho umwami w'aba Zulu Zulu, Goodwill Zwelethini avugiye ko abimukira bakwiye kuva muri Afrika y'epfo.

Prezida jacob Zuma yariyamirije ubwo bukozi bw'ikibi avuga ko buteye kubiri n'umutima w'ubuntu.