Amajana bashobora kuba baguye muri Mediterranee

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abantu ibihumbi n'ibihumbi baramaze kugerageza kujabuka Mediterranee mu bwato budashemneye uyu mwaka

Amajana y'abantu bashobora kuba baguye mu mazi inyuma y'aho ubwato butwaye abantu bari hagati ya 500 na 700 buzamiye mu kiyaga Mediterranee, nk'uko bivugwa n'abacungera inkengera z'Ubutaliano.

Ubwo bwato bwazamye isaha zitandatu z'ijoro mu masaha yaho, mu mazi ya Libya mu bumanuko bw'izinga ry'Ubutaliano rya Lampedusa.

Igikorwa kini co gutabara kiriko kiraba, gushika ubu hakaba hamaze kurokorwa 28.

Kuva umwaka utanguye, abandi bimukira nibura 900 vyibazwa ko baguye mu mazi bariko baragerageza kujabuka ikiyaga Mediterranee.

Mu ndwi iheze yonyene, abacungera inknegera z'Ubutaliano bataye abantu 10.000 ubwato barimwo bugize ingorane.

Vyitezwe igitigiri c'abagerageza kujabuka kizokwiyongera mu gihe ikirere kiriko kiraba neza.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Hafi 10.000 vy'abagerageza gushika i Bulaya baratabawe n'abacungera imbibe z'Ubutaliano ku ndwi iheze

Igikorwa co gutabara c'Ubutaliano citwa Mare Nostrum, carahagaritswe mu mwaka uheze inyuma y'aho bimwe mu bihugu bigize ishirahamwe rya Bulaya bivugiye ko ata buryo bwo kukibandanya bifise n'amakenga y'uko caha inkigi abandi bimukira.

Ubu ishirahame rya Bulaya rikora igikorwa co guncungera imbige gusa citwa Triton.

Justin Forsyth, umuyobozi shingwabikorwa mukuru w'ishirahamwe ry'abagiraneza Save the Children, yasavye ishirahamwe rya Bulaya gusbira gutangura ibikorwa vyo gutabara.

MU mwaka uheze igitigiri ca mbere kinini ca 170.000 vy'abantu bahunga ubukene n'intambara muri Africa n'ibihugu vy'uburasirazuba bwo hahati baragize urwo rugendo rwo gupfa no gukira rwo gushika mu Butaliano. Bnshi barapfuye batarashikayo.