Burundi:''usavye uruhusha ararekurirwa kugira imyiyerekano''

Image caption Abashikiranganji (uhereye i bubamfu): Gabriel Nizigama, Edouard Nduwimana, Pascal Barandagiye na Gen Pontien Gaciyubwenge

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu Burundi yavuze ko uwari we wese asavye uruhusha rwo kugira imyiyerekano arekurirwa kuyikora.

Aho n'inyuma y'aho ku wa gatanu habereye imyiyerekano y'abo mu migambwe imwe imwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi kugira yiyamirize ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza.

Abayigiyemwo barashwiragijwe n'igipolisi gikoresheje ivyuka bikoroza amosozi n'imitonzi y'amazi.

Uwo munsi hafashwe abantu barenga ijana ariko igipolisi n'ubutungane bikaba vyagumije 65 ubu barindiriye gucirirwa urubanza.

Edouard Nduwimana yabivugiye mu kiganiro be na begenziwe bajejwe kwivuna abansi, Gen Pontien Gaciyumbwenge, uw'umutekano mu gihugu Gabriel Nizigama, hamwe n'uw'ubutungane Pascal Barandagiye, bahaye abamenyeshamakuru.

Imbere y'aho abo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD bari bagize imyiyerekano yo gushigikira ico kiringo igipolisi kirayicungera irangira ata ngorane n'imwe ibaye.

Abatavuga rumwe na leta bayagiriza kugira umwana n'ikinono mu kureka abo mu mugambwe uri ku butegetsi kugira imyiyerekano ariko bo ikabankira.

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati Edouard Nduwimana yavuze ko uwutegura imyiyerekano ategerezwa kwandika akavuga uwariwe,agasaba uruhusha, akavuga aho azoca, akanishinga ko azobazwa ico cose coshika mu gihe c'iyo myiyerekano.

Umwe mu bari bahamagaye iyo myiyerekano umushingamateka Jean Minani avuga ko ata ruhusha bategerezwa gusaba ahubwo babimenyesha gusa.