Bulaya:ingingo zo guhoyahoya akaga k'abagwa muri Mediterranee

Uwufise ububasha kw’isanamu epa
Image caption Ubwato burimwo ibiziga 24 bimaze gutorwa bwashitse i Malte

Ishirahamwe rya Bulaya ryashinze ingingo zitari nke zo guhoyahoya akaga k'abantu bamaze iminsi babaye umurengera mu kugwa mu mazi ya Meditarranee bariko baragerageza kujabuka n'ubwato bava muri Africa.

Triton, urwego rwaryo rwo gucungera inkengera ruzokwngerwa uburyo rwongere ruhabwe inshingano za gisirikare zo gusambura amato y'abantu baja kuzana abarondera gushika ku mugabane wa Bulaya.

Ibikorwa vyo kurondeza no gutabara abari mu mazi bizokwongerezwa habe n'isekeza ryo gusubiza iwabo abimukira bashoboye gushika ku mugabane wa Bulaya.

Izo ngingo zizokwigwa n'inama y'abarongoye ibihugu vy'ishirahamwe rya Bulaya izoba ku wa kane.

Igihe aba ministre b'ishirahamwe rya Bulaya bajejwe imigenderanire n'intwaro yo hagati bari mu nama i Luxembourg, haje ubundi butumwa ko hari ayandi matio arimwo abantu ageramiwe.

Akaga karushirije mu mpera z'iyi ndwi igihe abantu amajana n'amajana bashobora kuba baraguye mu mazi igihe ubwato bwarimwo bwazamira mu mazi ya Libya.

Bimwe mu bihugu vyo mu bumanuko bw'Ubulaya vyavuga ko izina ry'ishirahamwe rya Bulaya rishobora gutituka inyuma y'ingingo ryafashe mu mwaka uheze yo kugabanya ibikorwa ibikorwa vyo gutabara.

Ku wa mungu, abantu amajana n'amajana vyibazwa ko basomye nturi inyuma y'aho ubwato bwabo buzamiye mu mazi ya Libya.

ONU ivuga ko iyo nzira y'uburaruko bwa Africa uja mu Butaliano iriyo isigaye ihitana abantu benshi kw'isi.

Ubwo bwato bw'imetero 20 z'uburebure vyibazwa ko bwari burimwo abantu bashika ku 700, gushika ubu 28 bonyene akaba aribo bamaze kurokorwa.

Ubwato burimwo amasandugu y'ibiziga 24 bimaze gutorwa gushika ubu bwashitse mw'izinga rya Malta, nk'uko bivugwa n'abacungera imbibe z'Ubutaliano.

Ku wa mungu, ministre wa mbere w'Ubutaliano Mateo Renzi yavuze ko inama yihuta y'abakuru b'ibihugu bigize ishirahamwe rya Bulaya mu mpera z'iyi ndwi ari ikintu gikenewe gushirwa imbere y'ibindi.

Yongeye avuga ko ati kugerageza urudandazwa rw'abantu ari ''akaranda ku mugabane wacu'' anababazwa n'ingene ibihugu vya Bulaya bidashigikirana kuri ico kibazo.