Igitero ku modoka ya ONU cahitanye abatari bake muri Somalia

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igitero kuri iyo modoka cahitanye abantu indwi barapfa abandi indwi barakomereka

Igitero c'umwihevyi ku muduga wa ONU i Garowe, igisagara gikuru mu ntara ya Puntland yo muri Somalia, cahitanye abantu 7, nk'uko bivugwa n'igipolisi.

Ishami rya ONU ryitaho abana, UNICEF, rivuga ko bane mu bakozi baryo bari mu bishwe.

Umukuru w'igipolisi Ahmed Abdullahi Samatar avuga ko yibaza ko kimwe mu biziga ari ic'uwaturikije ico kibombe.

Umuhari Al Shabab ugwanya leta ya Somalia urondera kugenzura igihugu, uvuga ko ariwo wagavye ico gitero.

Ababibonye babwiye BBC ko abantu 10 bishwe ariko ivyo ntibiremezwa.

Unicef yavuze ko uretse abo bapfuye, abandi bane mu bakozi bayo bababaye cane.

Uwuserukira ONU muri Somalia Nicholas Kay yateye ivyatsi ico gitero avuga ko ababajwe cane no kubona hari abatakaje ubuzima.

Abantu nibura 13 barishwe muri iyi minsi ibiri iheze mu bitero bishirwa ku gatwe ka Al Shabab.

Mu bishwe harimwo umushingamateka wo muri Puntland hamwe n'abasirikare b'urwego rwa Africa rucungera amahoro muri Somalia Amissom baturuka muri Kenya n'Uburundi , nk'uko bivugwa n'ikigo gikurikirana ibijanye n'ibihe bibangamye ,Salama Fikira.