Bulaya bategerezwa kurushiriza ku kaga k'abimukira

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ku wa mbere hari ubwato bwashitse kw'izinga ry'Ubugiriki rya Rhodes

Umu ministre mu Bugiriki yavuze ko vya ''rutura'' vya Bulaya bitegerezwa kurushirizaho kugira ico bikoze ku kaga ko muri Mediterranee.

Icegera ca ministre wo kwivuna abansi Kostas Isichos yabwriye BBC ko ibuhugu vy'uburaruko bwa Bulaya bitegerezwa kugira ico bikoze gusumba mu gutabara no mu kwakira abimukira.

Yavuze ko Ubugiriki , Ubutaliano na Espagne biriko birategurira hamwe aho bihagaze mu gihe himirije inama kaminuza y'ishirahamwe rya Bulaya ku wa kane.

Hagati aho, abantu barenga amajana atanu batabawe bashimanywe i musozi n'abacungera inkengera z'Ubutaliano ku wa gatatu mu gitondo.

Igitigiri c'abantu bagerageza guhunga intambara n'ubukene mu Burasirazauba bwo hahati na Africa, cane cane abanye Eritra na Syria vyaraduze cane muri aya mezi aheze, bituma ibitigiri vy'abagwa mu mazi vyiyongera cane mu bwato budashemeye bazanwamwo.

Urwego mpuzamakungu rujejwe abimukira OIM ruvuga ko abantu bamaze gupfa bigwije na 30 gushika ubu muri uyu mwaka wa 2015 ugereranije no mu mwaka uheze gushika nk'aya mango nyene kandi ngo ico gitigiri gishobora gushika ku 30.000.

Ku wa mbere, ishirahamwe rya Bulaya ryaratangaje ingingo zo kugerageza guhayahoya ako kaga k'abagerageza kujabuka Mediterranee.

Zirimwo kwongereza uburyo bwa Frontex, urwego rucungera imbibe z'ishirahamwe rya Bulaya ari narwo rujejwe ibikorwa vyo gutabara muri Mediterranee.

Ishirahamwe rya Bulaya ryaraneguwe cane igihe ryashinga Triton, urwego rujejwe igikorwa co gutabara muri Mediterranee, rwasubiriye mu mpera z'umwaka uheze urw'Ubutaliano , Mare Nostrum, rwari rufise uburyo bunini kurusha.

Muri izo ngingo hazoba kandi isekeza ryo gusambura ubwato rw'abaja kuzana abantu babajabukana i Bulaya.