Amashure yugawe muri Niger kubera mugiga

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ministre ajejwe amagara y'abantu yavuze ko amashure ategerezwa kwugarwa i Niamer kuko mugiga yahashinze imizi

Amashure ku murwa mukuru wa Niger, Niamey, no mu micungararo yawo, yugawe gushika ku wa mbere kubera ikiza c'indwara ya mugiga(meningite) kimaze kwica abantu 85 muri uyu mwaka.

Ubukene bw'incaco zo gukinga iyo ndwara nibwo bwatumye ico kiza gikwiragira, nk'uko abategetsi babivuga.

Isekeza ryo gucanca abana bafise imyaka iri hagati y'ibiri na 15 rizotangura ku wa gatanu, ariko ica kabiri conyene c'incanco miliyoni imwe n'ibihumbi 200 zikenewe nizo zihari.

Ministre wa mbere yasavye imfashanyo kugira haboneke izo zisigaye.

Abategetsi bagabishije abantu bakoresha incanco zitarekriwe gukoreshwa, bavuga ko zishobora kuba zidahuye n'ubwoko bwa meningite bwateye ubu.

Ministre ajejwe amagara y'abantu avuga ko abantu 905 aribo bazwi ko bamaze gufatwa mu ntara 8 zigize Niger, ariko benshi bari cane cane i Niamey na Dosso aho iyo ndwara ubu yashinze imizi.