Burundi:mu gitero ca Cibitoke ''nta bishwe bamanitse amaboko''

Image caption Umushikirizamanza kizigenza wa Republika y'Uburundi Valentin Bagorikunda

Amatohoza y'ubushikirizamza yemeza ko ata bantu bishwe mu buryo bunyuranye n'amategeko mu ntara yabeyereye mu Cibitoke mu burengero bw'Uburundi mu mpera za 2014 n'intango za 2015.

Ico gihe hateye umugwi witwaje ibiganisho n'ubu atawuramenya uwari inyuma yawo.

Igisirkare c'Uburundi kivuga ko mu bateye hishwe 85, hafatwa 10 mu ngabo za leta y'Uburundi naho hapfa 5 n'abandi umunani bakomeretse n'umunyagihugu umwe yapfuye.

Ariko amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu nka Human Rights Watch avuga ko mu matohoza yagize, muri abo bari bateye hari abishwe bamaze kwishikana ku bajejwe umutekano.

MU kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kugira avuge ibiri mu cegeranyo c'umugwi washinzwe kugira amatohoza kuri ico kibazo, um ushikirizamanza kizigenza wa republika Velentin Bagorikunda yavuze ko ivyo bivugwa ata na kimwe cigeze kiba.

Bagorikunda yemeye gusa ko hari batatu mu bateye abapolisi batashikanye iyo bategerezwa kubajana.

Yavuze ko abo bazohanwa hakurikikwe amategeko ahasanzwe.

Carina Tertsakian wo mw'ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch we n'ubu ariko abandanya ashimika mu kwemeza ko amatohoza bakoze yaberetse ko hari nibura abantu 47 muri abo bari bateye bishwe bari bamaze kwishikana ku bajejwe umutekano.

Avuga ko babishe bafashijwe n'imbonerakure, urwaruka rw'umugambwe uri ku butegetsi.