Icizere ku rucanco rwa malaria

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Gushika ubu nta rucanco rwemewe ruraboneka kuri malaria

Igeragezwa kwa muganga ry'urucanco rwa malaria-irya mbere rishitse kuri urwo rugero-ryerekana ko rushobora gufasha gukingira miliyoni z'abana indwara ya malaria.

Ariko ibipimo ku bana 16.000 bo mu bihugu indwi vyo muri Africa vyatoye ko urucanco rw'inyongera rutoba rwiza kandi ko incanco ku nzoya ataco zomara.

Abana bafise hagati y'amezi 5 na 17 bamaze guhabwa ingero zitatu z'urwo rucanco, ikingirwa ryashitse kuri 46% gusa.

Ariko abahinga bavuga ko gushikana urucanco kuri iyo ntambwe ari ikintu gikomeye cane.

Ivyavuye mw'igeragezwa vyasohotse muri The Lancet vyerekanye ko urugero rwo gukinga rwamanuka mbere hasi kurusha ku nzoya zikiri nto gusumba aho.

Abahinga bamaze imyaka irenga 20 bakora kuri urwo rucanco, ariko abaraba ibintu n'ibindi bavuga ko inzira ikiri ndende.

RTS,S/AS01 nirwo rucanco rwa mbere rwa malaria rushitse ku ntambwe iteye imbere cane y'igeragezwa kandi rukaba rwerekana ibimenyetso vyo gukora ku bana bakiri bato.

Gushika ubu nta rucanco ruhari rwemewe gukoreshwa ahariho hose mw'isi.

Mu gihe abana 13.000 bapfa buri munsi muri Africa yo munsi y'ubugararwa bwa Sahara, abahinga bavuga ko bishimiye kuba bashitse kuri iyi ntambwe mu gukora urucanco ku gakoko k'ubwenge bwinshi.