Pierre Nkurunziza yatowe guserukira CNDD FDD

Image caption Perezida Nkurunziza yatorewe mu nama kaminuza ya CNDD FDD

Umutekano warakomejwe cane imyiyerekano irabuzwa inyuma y'akamo katewe n'abatavuga rumwe na leta ko kwiyamiriza ko Pierre Nkurunziza yitoza kuyobora Uburundi ubugira gatatu.

Amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike, hamwe n'imwe mu migambwe itavuga rumwe na leta, bakomeje gusemerera basaba perezida Nkurunziza kutongera kwitoza kuyobora igihugu ku ncuro ya gatatu.

Bavuga ko kwitoza kwiwe kwoba kunyuranije n'ibwirizwa nshingiro, ndetse n'amasezerano y'amahoro ya Arusha.

Kuri uyu w'Imana inyuma y'umutaga aho bimariye kumenyekana ko ari perezida Petero Nkurunziza azohagararira umugambwe CNDD FDD mu matora y'umukuru w'igihugu, uwuserukira urunani FORSC ruhuza amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, yateye akamo abanywanyi bayo kuzinduka kumwiyamiriza ejo aho bukera.

N'imbere yo kugenwa, perezida Nkurunziza yakomeje kuvuga ko ico kibazo c'uko akwiye canke adakwiye kwitoza, aboba bagifise ko amakenga bakwiye kurindira bakazokwitura sentare yubahiririza ibwirizwa nshingiro, kuko ari yo ibereye kugifatira ingingo.

Image caption Ikoraniro kaminuza rya CNDD FDD, 25/04/2015

Perezida Petero Nkurunziza yatorewe mu ikoraniro kaminuza ry'umugambwe CNDD FDD ryabereye ku cicaro gikuru c'uwo mugambwe iBujumbura.

Muri iyo nama bize kandi n'ibindi bibazo birimwo kwemeza ibihano vyafatiwe bamwe mu bari mu mugambwe, kwemeza umuvugizi mushasha no gutora abandi binjira mu nama y'inararibonye.

Abanyagihugu cane cane bo mu ntara ya Kirundo mu buraruko bw'igihugu bakomeje guhunga bavuga ko batewe ubwoba n'ibishobora gukwirikira igenwa rya Petero Nkurunziza, kubera ngo ubwoba baterwa n'urwaruka rw'imbonerakure.

Mu minsi iheze ishirahamwe mpuzamakungu ryaheruka kumenyesha ko Uburundi bugeze mu mayira abiri, hagati yo kubona amatora abereye no gusubira mu co bise akaga bwahozemwo muri kahise.

Abantu baharurwa mu bihumbi ajana barishwe mu ntambara yarangiye mu 2005.