Imyaka 100 inyuma y'intambara y' i Gallipoli

Image caption Gallipoli

Abantu baharurwa mu bihumbi ijana barishwe mu ngabo zari zunze urunani zari zagiye kurwanya ingoma y'aba Ottoman muri Gallipoli.

Abategetsi baturuka impande zose z'isi, barimwo aba Turkiya, Australiya na Nouvelle Zelande, ari na vyo bihugu vyahatakarije abasirikare benshi, bitabiriye ico gikorwa co kwibuka.

Ahandi habaye igikorwa co kwibuka ni muri Nouvelle Zelande na Australiya mu gitondo c'uyu wa gatandatu.