Amatora y'abashingamateka muri Benin

Image caption Perezida Thomas Boni n'uyu ari hagati ya Mahamadou Issoufou wa Niger na Blaise Compaore wa Burkina Faso

Abatavuga rumwe na leta bagiriza perezida Thomas Boni Yayi ko ashaka guhindura ibwirizwa nshingiro, kugira yongere gutegeka igihugu ubugira gatatu.

Ico kibazo c'ikiringo ca gatatu ca perezida Boni Yayi nico cavuzwe cane mu myiyamamazo y'imbere y'aya matora.

Imigambwe igera ku 20 itavuga rumwe na leta yatanze aba kandida.

Amatora y'umukuru w'igihugu yitezwe mu mwaka uza.