Mu Burundi akaguma kabandanije mu bice bimwe vya Bujumbura

Image caption Abari mu myiyerekano bavuga ko batifuza ko perezida Nkurunziza atwara ubwa 3

Imyiyerekano irakomeje mu ma quartiers amwe amwe y'igisagara ca Bujumbura nka Nuakabiga aho imbere n'abasirikare ubu bagiye mu mabarabara gucungera umutekano.

Hagati aho igipolisi cinjiye ahariko harabera ibiganiro vy'ama radiyo ane, Isanganiro, RPA, Bonesha na Renaissance FM bategeka ko ivyo biganiro rusangi vy'ingene ibintu biriko biragenda bihagarikwa.

Igipolisi canahagaritse kandi umukuru w'ishirahamwe riharanira agateka ke zina muntu Pierre Claver Mbonimpa.

Amashure yo mu gisagara nta vyigwa biriko biraba kuko abavyeyi ntibanjanye abana kw'ishure inyuma y'akamo katewe n'umwe mu barongoye societe civile.

Mu gisagara hagati imangazini zirugaye ariko amabanki aruguruye.

Ingene vyagenze ku wa mungu

Amaradiyo ari mu gihugu yatangaje ko iyo myiyerekano y'uno munsi yahitanye abantu babiri.

Biravurwa kandi ko hari abakomerekeye muri iyo migumukuo, harimwo abajejwe umutekano.

Abari mu myiyerekano bagiriza leta gushaka guca kubiri n'ibwirizwa nshingiro, aho bateye amabuye bagaturira n'amapine.

Igipolisi naco cateye imyuka irakira kirasa n'amasasu mu kirere.

Ako kaguma gakwirikiye itangazwa rya perezida Petero Nkurunziza, nk'umu kandida agiye guserukira umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD mu matora y'umukuru w'igihugu.

Abatavuga rumwe n'ubutegetsi bavuga ko ivyo bidahuye no kubahiriza ibwirizwa nshingiro, aho bagabisha ko bishobora kuburizamwo amasezerano y'amahoro yarangije indyane zari zifatiye ku moko.

Leta ivuga iyo myiyerekeno idakurikije amategeko.

Image caption Abapolisi bakwiye ku mabarabara

Abapolisi bakwiragiye hirya no hino ku mabarabara ya Bujumbura, barereka abashaka kuja mw'ibarabara.

Hari amakuru avurwa ko imirongo y'amaradiyo amwe amwe yigenga, itumvikana mu gihugu hagati.

Abarundi baharurwa mu bihumbi barahunze igihugu cabo muri iyi minsi iheze, batinya ubugizi bwa nabi bushobora kwiyongera imbere y'amatora yimirije mu kwezi kwa gatandatu.