Ingaruka za nyamugigima muri Nepal

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Bamwe baracari munsi y'ibihomoka vyasenywe na nyamugigigma

Abantu bagera 2300 niba bamaze kumenyekana ko bahitanywe na nyamugigima yo kuri uyu wa gatandatu.

Abajejwe gutabara bariko bakoresha za kajugujugu mu kugera ahagoye, bakavuga ko bizofata igihe kumenya ivyononekaye vyose uko bingana.

Hariko harungikwa imiti n'ibindi vya nkenerwa, ariko leta ya Nepal ivuga ko hagikenewe vyihuta amahema, amazi n'imifuko ya plastic yo guhambamwo abitavye Imana.

Abakomeretse bashikanywe mu bitaro vyo ku murwa mukuru Pokhara, bariko bavurirwa hanze kuko batinya kuja mu nzu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Jitendra Raut
Image caption bamwe barara hanze

Umunyamakuru wa BBC ari Kathamandu avuga ko abantu bagera ku 1000 baba mu mahema, kubera gutinya amazu yabo yase imigaga.

Kubera iyo nyamugigima kandi, n'umusozi wa Everest washikiriwe n'ibisigarira vy'imirindi yayo, abantu 17 barahasiga ubuzima.

Abandi bantu bagera kw'ijana bariko burira uwo musozi Everest bagomye mu mataba yawo.

No muri Tibet imirindi y'iyo nyamugigima yahageze, abantu barapfa abandi baharurwa mu bihumbi mirongo bata ingo zabo.