I Baltimore muri Amerika ntivyifashe neza

Abashavujwe n'urupfu rwa Freddie Gray bamaze kwonona ibintu vyinshi mu myigaragamvyo Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Abashavujwe n'urupfu rwa Freddie Gray bamaze kwonona ibintu vyinshi mu myigaragamvyo

Abajejwe gutabara mu muji wa Baltimore muri leta zunze ubumwe za Amerika, baracariko baragerageza kuzimya imiriro yakijwe n'abigaragamvya ejo mw'ijoro.

Imyigaragamvyo yadutse nyuma y'amaziko y'umusore w'umwirabura, Freddie Gray, yapfuye nyuma yo gukomerekera mw'ibohero ry'abapolisi.

Umukuru w'uwo muji yavuze ko imiduga ijana na mirongo ine n'ine hamwe n'amazu cumi n'atanu vyaturiwe, hakaba bafashwe abantu amajana abiri.

Hashizweko amategeko yo mu bihe idasanzwe hamwe n'umukwabu umara ijoro ryose kandi amashure ya leta uno munsi yiriwe yugaye.

Igisirikare c'intara ya Maryland cavuze ko kiza gushira abasirikare benshi mu mabarabara, abashika ibihumbi bitanu bakaba bari i Baltimore.