Papa asabira abagore imishahara ingana n'iy'abagabo

Papa Francis yiyamirije abagabo babuza abagore gukora Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Papa Francis yiyamirije abagabo babuza abagore gukora

Umwungere wa ekleziya Gatolika, Papa Francis, yasavye ashimitse ko abagore boronswa umushahara nk'uw'abagabo mu gihe bakoze akazi kamwe.

Avugira imbere y'abantu ibihumbi mu kibanza ca St Peter Square i Roma, Papa Francis yavuze ko ukutangana kw'iyo mishahara ari akamaramaza Abakristu bose bagomba kwiyamiriza.

Yavuze ko abagore bafise uburenganzira bumwe n'abagabo, ngo kandi nta mpamvu n'imwe yotuma ukutangana kw'imishahara guhari, kuhaguma.

Papa kandi yiyamirije abagabo badashaka ko abagore baja ku kazi, avuga ko ari ukwiganza kurengeje kw'abo bagabo.