Kaminuza ya leta mu Burundi yugawe na leta

Kuri campus Mutanga, abanyeshure bariko barataha kaminuza imaze kwugarwa
Image caption Kuri campus Mutanga, abanyeshure bariko barataha kaminuza imaze kwugarwa

Abajejwe intwaro mu Burundi bugaye kaminuza ya leta ku murwa mukuru i Bujumbura nyuma y'iminsi haba imyiyerekano y'abiyamiriza gushaka gusubira kwitoza kwa Prezida Pierre Nkurunziza.

Abaserukiye leta binjiye mu buraro bwa kaminuza babwira abanyeshure gutekera ivyabo bakava mu vyumba.

Hagati aho imyiyerekano y'abadashaka ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza, yabandanije mu bice bimwe bimwe vy'umurwa mukuru.

Umwe mu bakuru baserukiye leta zunze ubumwe za Amerika ari mu mubonano na leta y'u Burundi, bageregeza guhosha ibintu.