Ku munsi ugira gatanu w'imyiyerekano mu Burundi hakomeretse 15

Imyiyerekano y'uno munsi yaseye n'iyikaze kurusha ejo kuwa kane, hakaba hakomeretse abantu batandatu Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Imyiyerekano y'uno munsi yaseye n'iyikaze kurusha ejo kuwa kane, hakaba hakomeretse abantu batandatu

Mu Burundi abantu 15 bakomeretse mu myiyerekano yabereye muri quartier Kinanira yo muri komine Musaga mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura.

Aho nyene ku Musaga abiyerekana biyamiriza gushaka kwitoza kwa Prezida Pierre Nkurunziza, baturiye umuduga warimwo abajejwe umutekano.

Mu bari muri uwo muduga, umupolisi yarashe isase rihitana umusirikare yari hafi aca ahasiga ubuzima, abasirikare bagenzi biwe baca bafata abo bapolisi batatu bari mw'uyo muduga.

Mu Kanyosha, urwaruka rw'umugambwe uri kubutegetsi ruzwi kw'izina ry'Imbonerakure, rwahanganye n'abari mu myiyerekano ariko abajejwe umutekano baciye baja hagati.

Nayo mu gisagara hagati haturikijwe igisasu ntezwantoke muri bus ariko naho nyene nta muntu yahakomerekeye.

Mu Bwiza no mu Nyakabiga, hiriwe abapolisi bahanganye amaso n'abari kw'i Jabe ngo bababuze kwegera imbere.