Abagirizwa kurasa Malala bapfunzwe burundu

Malala yarashwe n'Abataliban bo muri Pakistani afise imyaka cumi n'itanu
Image caption Malala yarashwe n'Abataliban bo muri Pakistani afise imyaka cumi n'itanu

Sentare muri Pakistani yakatiye gufungwa burundu abarwanyi cumi bagirizwa kugira uruhara mw'iraswa ry'uwuharanira agateka k'abana, Malala Yousafzari, haciye imyaka itatu.

Malala, ico gihe aterwa yari afise imyaka cumi n'itanu, akaba yararashwe mu mutwe.

Yatewe n'Abatalibani bo muri Pakistani kubera igikorwa ciwe co guharanira kurungika abakobwa kw'ishure.

Mu mwaka uheze Malala yabaye umuntu akiri muto kurusha abandi atsindiye agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel.