Amerika isaba Pierre Nkurunziza kwemera abamunenga

Tom Malinowski avuga ko bwana Nkurunziza agomba kwemera abamunenga Uwufise ububasha kw’isanamu AFP Getty
Image caption Tom Malinowski avuga ko bwana Nkurunziza agomba kwemera abamunenga

Umwe mu bategetsi ba leta ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yagabishije umukuru w'u Burundi, Pierre Nkurunziza, ko igihugu gishobora kugwa mu manga niyacinyiza abatavuga rumwe na leta.

Tom Malinowski, ajejwe ivyo gutsimbataza demokrasi mu bushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire, yabariye bwana Nkurunziza ko agomba kwemera abamunenga mu mahoro, imbere y'amatora y'umukuru w'igihugu yo mu kwa gatandatu.

Bwana Malinowski ariko ntaco yigeze avuga ku bijanye n'ikiringo kigira gatatu bwana Nkurunziza ashaka guhiganirwa, ikintu nyamukuru kitihanganirwa n'abari mu myiyerekano i Bujumbura.

Ishirahamwe ritabara imbabare, Croix Rouge, rivuga ko abantu cumi na batanu bakomerekeye mw'itana mu mitwe n'abapolisi ku munsi ugira gatanu w'imyiyerekano y'abiyamiriza gusubira kwitoza kwa bwana Nkurunziza.