Prezida Nkurunziza ahamagarira abari mu myiyerekano gutekana

Prezida Nkurunziza asaba abamwiyamiriza kwisunga amategeko Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Prezida Nkurunziza asaba abamwiyamiriza kwisunga amategeko

Mw'ijambo yashikirije kuri uno munsi mpuzamakungu wahariwe abakozi, umukuru w'u Burundi, Pierre Nkurunziza, yasavye abari mu myiyerekano kuyivamwo bagashira aho amategeko ashize.

Pierre Nkurunziza yasavye abari mu myiyerekano ku Musaga, mu Nyakabiga, ku Mutakura hamwe n'ahandi kwubahiriza amategeko.

Yahamagariye kandi amaradiyo yigenga, abanyepolitike hamwe n'amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, kwisunga amategeko agenga amatora muvyo bakora canke bavuga.

Bwana Nkurunziza kandi yahamagariye abahunze gutahuka, avuga ko i Burundi ari iwabo kandi umutekano wabo uzocungerwa.

Kwiyamiriza ikiringo ca gatatu

Imyiyerekano y'abiyamiriza gusubira kwitoza kwa Prezida Pierre Nkurunziza, yatanguye ku munsi wa Mungu itariki 26 z'ukwa kane.

Image caption Abiyamiriza Prezida Nurunziza bavuga ko ukwitoza kwiwe kutajanye n'ibwirizwa nshingiro

Yakurikiye igenwa ryiwe n'umugambwe uri ku butegetsi, CNDD FDD, ngo azowuserukire mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu kwezi kuza.

Abiyamiriza ukwitoza kwiwe bavuga ko kutubahirije ibwirizwa nshingiro ngo kuko amaze gutwara igihugu ibiringo bibiri, ariko abamushigikiye bakavuga ko ikiringo ca mbere atatowe n'abanyagihugu.

Uno munsi ariko nta myiyerekano ikomeye yaranzwe i Bujumbura nk'uko vyari bimaze iminsi itanu bimeze.

Abantu barenga mirongo itanu baramaze gukomerekera mu myiyerekano mu bice bimwe vy'igisagara ca Bujumbura, abahasize ubuzima nabo bakaba barenga batanu, abafashwe nabo barenga amajana atatu.