Abanyeshure bituye ambasade ya Amerika mu Burundi

Abanyeshure bavuga ko ata mutekano bafise i Bujumbura
Image caption Abanyeshure bavuga ko ata mutekano bafise i Bujumbura

Amajana y'abanyeshure mu Burundi baraye ku biro biserukiye leta zunze ubumwe za Amerika, nyuma y'aho kaminuza ya leta yugariwe.

Abo banyeshure babariye BBC ko baje kuri iyo ambasade ngo kuko ata mutekano bafise ku murwa mukuru Bujumbura.

Mu Burundi kuva ku wa Mungu uheze hari imyiyerekano mu bice bimwe na bimwe vy'igisagara ca Bujumbura, y'abiyamiriza gushaka gusubira kwitoza kwa Prezida Pierre Nkurunziza.

Leta ivuga ko yugaye kaminuza kuwa kane kubera imvo z'umutekano.