Abigaragamvya mu Burundi batanze agahengwe

Abigaragamvya batanze agahengwe k'iminsi ibiri i Bujumbura
Image caption Abigaragamvya batanze agahengwe k'iminsi ibiri i Bujumbura

Abigaragamvya mu Burundi biyamiriza kwitoza kwa Prezida Pierre Nkurunziza mu kiringo ca gatatu, bafashe akaruhuko k'iminsi ibiri.

Umuvugirizi w'amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yavuze ko nyuma y'iminsi itandatu y'imyigaragamvyo, aka karuhuko kazofasha abigaragamvya kugarura intege.

Ngo kazoba kandi akaryo ko kugandarira abaguye muri iyo myiyerekano, hanyuma basubire kuwa mbere.

Kare abantu batatu barimwo abapolisi babiri bahitanywe na grenade.

Kuwa gatanu umukuru w'igihugu yagabishije ko abategura iyo myiyerekano bazohanwa bimwe bikomeye.

Abatavuga rumwe na leta bagiriza prezida Nkurunziza guhonyora ibwirizwa nshingiro mu gushaka kwitoreza ikiringo ca gatatu.