Ubutaliyano bwatabaye abimukira barenga 3500

Abimukira amajana umunani baguye mw'ibahari mu kwezi guheze Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Abimukira amajana umunani baguye mw'ibahari mu kwezi guheze

Abacungera inkombe z'ibahari mu Butaliyano bavuga ko mu munsi umwe batabaye abimukira barenga ibihumbi bitatu n'amajana atanu mw'ibahari Mediterranee.

Abo bimukira baciye bajanwa ku bivuko vyo mu Butaliyano.

Abajejwe intwaro bavuga ko abajabukana abo bimukira babonye ibahari ritekanye ikirere naco kimeze neza, baca barabajabukana ikivunga.

Mu kwezi guheze abarongozi mw'ishirahamwe rya Buraya bakoze inama yihutirwa baganira kuri ico kibazo, nyuma y'aho abantu amajana umunani basomeye nturi, ubwato barimwo bumaze kurohama.

Abo barongozi bumvikanye kugwiza gatatu amahera akoreshwa mu kurondera no gutabara abimukira baza mu mato.