Faure Gnassingbe vyemwejwe ko yatsinze amatora ya Togo

Faure Gnassingbe yemejwe na sentare y'ibwirizwa shingiro ya Togo, ko ariwe yatsinze amatora Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Faure Gnassingbe yemejwe na sentare y'ibwirizwa shingiro ya Togo, ko ariwe yatsinze amatora

Sentare y'ibwirizwa shingiro mu gihugu ca Togo yemeje ko Faure Gnassingbe yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu n'amajwi 58%.

Iyo sentare yavuze ko habaye amakosa amwe amwe mu guharura amajwi, ngo ariko muri rusangi amatora yabaye ku mugaragaro.

Uwutavuga rumwe na leta, Jean-Pierre Fabre, yaronse amajwi 35%, yanse ingingo y'iyo sentare ahamagarira abamushigikiye kuja mu myiyerekano.

Kuwa gatanu yatangaje ko ari umukuru w'igihugu.

Bwana Gnassingbe yabaye umukuru w'igihugu mu 2005 nyuma y'urupfu rwa se, yari amaze ku butegetsi imyaka mirongo itatu n'umunani.

Faure Gnassingbe ubu agiye kurongora Togo ikiringo kigira gatatu.