Burundi: 2 baguye mu myiyerekano

Image caption Abakozi ba Croix Rouge bariko bavura uwakomerekeye ahabera imyiyerekano

Umunyamakuru wa BBC Maud Julien yiboneye abakozi b'ishirahamwe rijejwe gutabara imbabare Croix Rouge baterura imivyimba y'abantu 2.

Imbere y'aho, yari yabonye abapolisi barasa mu bariko bagira imyiyerekano.

Hejuru y'abo 2 bapfuye, abantu 60 nibo bamaze kumenyekana ko bakomerekeye mu myiyerekano y'uno munsi.

Mu bakomeretse harimwo abapolisi 17 n'abanyagihugu basanzwe 45.

Imyiyerekano yo kuri uyu wa mbere yari yatanguye mu mutekano, ariko hazamwo uruhagarara igihe abari mu myiyerekano batangura gutera amabuye ku bapolisi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ku Musaga abiyerekana ni benshi cane

Umunyamakuru wa BBC muri zone ya Musaga yavuze ko abigaragamvya ari benshi cane, bakaba bashize ibizibira ibarabara kuri buri metero mirongo itanu.

Abigaragamvya baruhutse iminsi ibiri mu mpera z'indwi, ngo bagandarire abishwe banatororokanye ivya nkenerwa mu gikorwa cabo.

Abantu batandatu baguye mu myigaragamvyo yo mu ndwi iheze, aho baha ugutana mu mitwe n'abapolisi.

John Kerry atewe umwitwarariko n'ibiba mu Burundi

Hagat'aho umushikiranganji w'imigenderanire wa leta zunze ubumwe za Amerika John Kerry, ari mu rugendo muri Kenya, yavuze ko atewe umwitwarariko n'ibiriko biraba mu Burundi.

Yasavye perezida Pierre Nkurunziza kubahiriza bwirizwa nshingiro ry'igihugu.

John Kerry ngo yizeye ko abarongozi ba Afrika babicishije mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika, bazofasha gutorera umuti ikibazo c' Uburundi mu maguru masha.