Bamwise Charlotte Elizabeth Diana

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umuganwakazi Charlotte wa Cambridge, amaze iminsi ibiri

Umwana w'umuganwa William n'umupfasoni wiwe Kate yataziriwe Duchesse wa Cambridge, bamwise Charlotte Elizabeth Diana.

Umuganwakazi Charlotte, azoba abaye uwa kane mu bashobora kurarwa ingoma y'Ubwami bw'Abongereza, azokwitwa umuganwakazi Charlotte wa Cambridge.

Uwo mwana mushasha mu muryango w'ubwami, yasanganijwe urwamo rw'inkoho rwasamiranye mu muji wa Londres.