Perezida Pierre Nkurunziza yarekuriwe kwitoza

Uwufise ububasha kw’isanamu s
Image caption Perezida Pierre Nkurunziza

Icegera c'umukuru w'iyo sentare yarahunze igihugu imbere y'uko ico cemezo gishikirizwa.

Sylvere Nimapagaritse, avuga ko yatewe ubwoba, ndetse ko yahakwa no kwicwa, ahatirwa kwemeza iyo ngingo yo kurekurira perezida Nkurunziza kwitoza.

Avuga ko bane ku bacamanza indwi bagize iyo sentare bari bemeje ko gushaka kwitoza kwa perezida Nkurunziza guteye kubiri n'iryo bwirizwa nshingiro.

Ariko ngo bahatiwe guhindura ivyiyumviro vyabo, basunikwa kwemeza iyo ngingo yatangajwe uyu munsi.

Hagat'aho abagira imyiyerekano bongeye kuzinduka mu mabarabara ya Bujumbura.

Iyi myiyerekano yatanguye kuva ku munsi w'Imana italiki 26/04/2015, perezida Nkurunziza akimara kumenyekana ko ariwe yatowe guserukira umugambwe CNDD FDD mu matora y'umukuru w'igihugu, imaze guhitana abantu 10.

Hari impungenge ko umutekano w'igihugu ushobora guhungabana hamwe perezida Nkurunziza yokomeza kudadaza kuguma ku butegetsi.

Sentare yubahiriza ibwirizwa nshigniro ngo yafatiye kuri ryo no ku masezerano ya Arusha.

Umukuru wa sentare ijejw ekubahiriza ibwiriza nshingiro mu Burundi, Charles Ndagizjimana, amenyesha ko urubanza yashikirije rwaciwe bafatiye kuri iryo bwirizwa nshingiro no ku masezerano ya Arusha.

Yemeza ko bihweje ingingo zibiri basabwe gufatirako, izo nazo zikabari ingingo ya 96 itegekanya ibiringo bibiri umukuru w'igihugu ashobora gutwara atowe n'abanyagihugu kw'ijwi rimwe ku muntu.

Iyindi n'ingingo ya 302, itegekanya ko umukuru w'igihugu ashobora gutorwa ikiringo kimwe, atowe n'abashingamateka.

Abo bacamanza ngo bamaze gusoma izo ngingo basanze ataho zihuriye, imwe yose yigenga.

Muri urwo rubanza kandi sentare ngo yarashingiye ku masezerano ya Arusha, ariko ngo basanze ivyo ayo masezerano ategekanya atari vyo biri mw'ibwiirizwa nshingiro.

Umukuru wa sentare yuhahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko koko amasezerano ya Arusha ategekanya ko umukuru w'igihugu adashobora kurenza ibiringo bibiri, ariko ngo ibiri muri ayo masezerano siko vyanditse mw'ibwirizwa nshingiro.